• Econet Wireless Burundi

    281 A, Boulevard de l'uprona

    BP: 431 , Bujumbura Burundi

  • (+257) 76 222 506

    info@econet.bi

    info@econet.bi

  • Lun- Vend: 8hr - 17hr

    Sam: 11hr - 15hr

    Dim: 10hr - 14hr

UTUNTU 321 UTUNTU N-UTUNDI SERVICES

  • UTUNTU N'UTUNDI
  • AKAZI Tips
  • ECONET ECOSANTE
  • ECONET FOOTBALL

UTUNTU N’UTUNDI

 

service zose1.UTUNTU N’UTUNDI, n-ibiki?
Ni uburyo buha abanywanyi ba Econet wireless kuronka amakuru ajanye n’ibisata bitandukanye.

2.UTUNTU N’UTUNDI, itanga iki?
Ufise utuntu n’utundi, uronka amakuru ajanye:
-Inkino
-Kuresha
-Bibiliya
-Guteka
-Amagara
-Imyibutsa
-Gutwenga
-Warubizi
N’ibindi n’ibindi…

3.Umuntu yiyandikisha gute kuri Utuntu n’utundi?
Hari uburyo bubiri bwo kwiyandikisha kuri Utuntu n’utundi:

-Ushobora kwiyandikisha uciye kuri message aho urungika ijambo rijanye n’igisata ushaka kuza uraronkako amakuru
Akarorero: ushaka kuronka amakuru ajanye no guteka, urungika ijambo
GUTEKA kuri 124

-Ushobora kwiyandikisha uciye kuri *321# OK aho umuntu agirako m’uburyo bunyaruka

4.Bitwara amafaranga angahe?
-50F gusa kumunsi kugisata yiyandikishijeko

5.Ushaka kuva kuri UTUNTU N’UTUNDI bigenda gute?
-Urungika ‘STOP + igisata wahisemwo’ canke ‘GUHAGARIKA + igisata wahisemwo’

•Akarorero: ushaka guhagarika GUTEKA
Urungika ‘STOP GUTEKA’ canke ‘GUHAGARIKA GUTEKA’ kuri 124

6. Umuntu arashobora kwiyandikisha kubisata birenze 1?
- Umuntu yiyandikisha kubisata yipfuza vyose

AKAZI TPS: igisata gishasha kibaha AMAKURU Y'AKAZI N'AMASOKO UKORESHEJE UMUHORA WA ECONET Wireless

akazi2Econet Wireless, Ishirahamwe ryo gutumatumanako amakuru rifadikanije na E-soko.bi babazaniye amakuru mashasha mashasha y’akazi n'ay’amasoko biciye ku butumwa bugufi – SMS..

Rwaruka, banyeshule murangije amashule, banyakazi mushaka gutera imbere, banyamitahe, barwizatunga musanzwe mufise amashirahamwe n’amahinguriro, eka namwe mwese mwifuza kwama mumenya bishasha mu gisata co gutanga akazi no kumenya amasoko atangwa,

Igisata AKAZI TIPS caje kubwanyu. Econet umuvyeyi w'iyindi mihora yiyunze na e-soko.bi barabigufashamwo. Bakoresheje ubuhinga bwa none mu kugushikiriza bitagoranye bishasha kandi vy-akamaro kanini cane ku buzima bwawe.

Iyandikishe mu gisata AKAZI Tips ca Econet wireless muciye ku biharuro *321*4#. Kugira muronke  amakuru ajanye n-akazi, hitamwo kuri 1 kugira uze uraronka amakuru y'akazi k'umwanya. Kugira naho muronke amakuru y-amasoko ariko ararangishwa, hitamwo 2 umenye amakuru y'amasoko atandukanye.

Tubamenyshe yuko ama services yose ya Econet wireless muyarabira kuri kode imwe rudence ariyo *900# OK kandi ko igihe cose mwifuza kugira ico mubajije cose , mubahamagara ku buntu kuri nimero 100 canke 444.

Econet Wireless, Inspirés pour changer votre monde.

www.econet.bi

Econet wireless yashizeho ibisata bishasha « EcoSante »

Econet wireless, umuhora ukura iyindi mu vyo gutumatumanako amakuru (telecoms) yashizeho ibisata bibiri bishasha ku banywanyi baryo : Igisata EcoSanté hamwe n’igisata Football.

Ico gisata gishasha “EcoSanté” kije guha abanywanyi akarusho mu bijanye n’amagara y’abantu mu kubashikiriza ku munsi ku munsi amakuru agezweho, bishasha muri ico gisata n’impanuro zo kubaho neza, kwitaho amagara yanyu akaguma ari meza, guta ibiro hamwe n’ivyo gukirikirana ivy’igisukari. Kwiyandikisha kuri “EcoSante”, baca kuri *321*2# OK.

Ku bakunzi b’umupira w’amaguru nabo, igisata « Football » caje gusahiriza, muri bino bihe hasubiye gutangura inkino zikomakomeye. Ku munsi ku munsi, umunywanyi yiyandikishije aronswa amakuru y’inkino cane cane ku munsi haba hariho inkino : ico gihe umunywanyi aronka amakuru umwanya ku mwanya. Kwiyandikisha kuri “Football”, baca kuri *321*3# OK.

Kimwe muvyo uzoba ushaka kumenya bitwara amafaranga atarenga ijana (100BIF) y’amarundi ku munsi.
Econet wireless ikaba idahengeshanya kuzanira abanywanyi bayo ibintu bishasha kandi bigezweho, mu bisata bitandukanye. Ama services yose ya Econet wireless muyasanga kuri *900# OK.

Econet wireless yashizeho igisata ca « Football » ku banywanyi baryo

Econet wireless, umuhora ukura iyindi mu vyo gutumatumanako amakuru (telecoms) yashizeho igisata gishasha ku banywanyi baryo : Igisata Football.

Ico gisata gishasha “EcoSanté” kije guha abanywanyi akarusho mu bijanye n’amagara y’abantu mu kubashikiriza ku munsi ku munsi amakuru agezweho, bishasha muri ico gisata n’impanuro zo kubaho neza, kwitaho amagara yanyu akaguma ari meza, guta ibiro hamwe n’ivyo gukirikirana ivy’igisukari. Kwiyandikisha kuri “EcoSante”, baca kuri *321*2# OK.

Ku bakunzi b’umupira w’amaguru nabo, igisata « Football » caje gusahiriza, muri bino bihe hasubiye gutangura inkino zikomakomeye. Ku munsi ku munsi, umunywanyi yiyandikishije aronswa amakuru y’inkino cane cane ku munsi haba hariho inkino : ico gihe umunywanyi aronka amakuru umwanya ku mwanya. Kwiyandikisha kuri “Football”, baca kuri *321*3# OK.

Kimwe muvyo uzoba ushaka kumenya bitwara amafaranga atarenga ijana (100BIF) y’amarundi ku munsi.
Econet wireless ikaba idahengeshanya kuzanira abanywanyi bayo ibintu bishasha kandi bigezweho, mu bisata bitandukanye. Ama services yose ya Econet wireless muyasanga kuri *900# OK.

Our Brands

  • 22 novembre 2015 Super User Read More
  • 22 novembre 2015 Super User
  • 22 novembre 2015 Super User
  • 22 novembre 2015 Super User
  • 22 novembre 2015 Super User
  • 1
  • 2
  • 3